Kirundi ▪ Kinyarwanda
Amakuru y'Imvaho

Inyandiko Gusa
Rungika

Amakinga mu Gisagara ca Bujumbura


11/05/2008

Ugwego gw’igiporisi ruriko ruragerageza kiubuza amakinga gukorera mu gisagara ca Bujumbura. Abarongoye igisagara ca Bujumbura bamaze imisi barafashe ingingo yo kubuza abakoresha amakinga ivyo bita “taxi-velo” kubandanya akazi kabo hagati mu gisagara ca Bujumbura. Abaporisi bubahiriza iyo ngingo nti borohewe mur'ico gikorwa.

Mur’iyi misi, abakoresha amakinga mu kwisumamwo mu gisagara ca Bujumbura bahigana n'abaporisi nk'imbeba n'akayabu. Kw’igenekerezo ry’indwi mur’uku kwezi kwa gatanu mu gatondo, baratanye mu mitwe igihe abakoresha amakinga bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ingingo ibabuza gukorera hagati mu gisagara. Imiduga yaratewe amabuye n'abari mu myiyerekano, bamwe muribo barakomerekejwe n'abaporisi, amakinga atari make arafatwa.

Abatwara igisagara n'abarongoye ugwego gw’igiporisi bagiriza abakoresha amakinga mu kwunguruza abantu n'ibintu mu gisagara ca Bujumbura ko batwara ibigwanisho, bakunguruza abagwanyi ba FNL, bagatuma kandi haba amasanganya menshi. Pierre Channel Ntarabaganyi avugira ugwego gw’abaporisi, yavuze ko bagiye kugwanya abanyamakinga gushika aho batazosubira kuboneka mugisagara hagati. Avuga ko bakwiye gukorere kure cane y'igisagara. Abakoresha amakinga baganiriye n'Ijwi rya Amerika, bavuze ko barenganywa. Barahakana ivyo bagirizwa, bakavuga ko bagiye kugwanya iyo ngingo, kuko ngo nti babona ikindi bokora, kuko bamwe bavuye ku rugamba, abandi nabo nti bize.

Abantu benshi bari basigaye bikora kuri ayo makinga mu kuja ku kazi, kuko itike ya bisi yaduze. Aborozi nabo yabafasha gutwara ubwatsi bw'inka, gukura amata ku mararo bayajana muhira canke mu gisagara aho agurishirizwa.

emailme.gif Rungikira incuti iyi nyandiko
printerfriendly.gif Capa

  Inkuru Nyamukuru
Mu Rwanda Abadepite Batangiye imirimo Yabo  Audio Clip Available

  Andi Makuru
Ingaruka ku Burundi z’Ingorane z'Ubutunzi kw'Isi
M’u Rwanda Abantu 6 Bararashwe n’Umusirikare
HCM n’Ibitangazamakuru bya Leta mu Matora y’Abadepite mu Rwanda
Ingorane Ziri mu Mashure yo mu Burundi
Uburundi n’Umusi Mpuzamakungu Wahariwe Uburaro
Amatora yo mu Mwaka wi 2010 mu Burundi
Ibiciro by'Ibikomoka kuri Peteroli mu Rwanda
Abagore mu Mutwe w’Abadepite mu Rwanda