Kirundi ▪ Kinyarwanda
Amakuru y'Imvaho

Inyandiko Gusa
Rungika

Umugambwe Mushasha mu Burundi


08/06/2008
New Party - Kiganahe - Umva (MP3) audio clip
New Party - Kiganahe - Umva (MP3) audio clip
Reaction - Cimpaye - Umva (MP3) audio clip
Reaction - Cimpaye - Umva (MP3) audio clip

Umushingamateka Jean Minani yashinze umugambwe mushasha. Dogiteri Jean Minani afadikanije na Didace Kiganahe bose bahora mu mugambwe Sahwanya FRODEBU, baherutse gushinga, i Bujumbura, umugambwe bise “Sahwanya FRODEBU Nyakuri”.

Abantu bashika mirongo itatu bavuye mu ntara zose, baritavye inama ishinga uwo mugambwe yabaye kw’igenekerezo ry’umunani mur’uku kwezi kwa gatandatu. Umushingamateka Jean Minani ari nawe agiye gutwara uwo mugambwe utaremererwa imbere y'amategeko, yabwiye Ijwi rya Amerika ko Sahwanya FRODEBU Nyakuri igiye gushigikira cane iragi rya nyakwigendera Melchior Ndadaye yigeze gutwara Uburundi n'umugambwe Sahwanya FRODEBU.

Muganga Jean Minani na Didace Kiganahe bose ni abashingamateka batowe ku rutonde rw'umugambwe Sahwanya FRODEBU. Minani yatowe mu ntara ya Kirundo, m’uburaruko bw’Uburundi, Didace Kiganahe nawe atorwa muri Bujumbura-Rirare. Bose bari mu bashingamateka cumi na batatu bakuwe mu mugambwe, bagirizwa ko bashigikiye umugambwe CNDD-FDD. Ariko Jean Minani avuga ko umugambwe Sahwanya FRODEBU utakigendera irangi rya Melchior Ndadaye.

Uwo mugambwe wa Minani Jean na Kiganahe Didace ugiye gusaba kwemerwa n’amategeko, kugira ngo ushobore gukora ku mugaragaro mu misi iza. Ariko Leonce Ngendakumana atwara umugambwe Sahwanya FRODEBU yavuze ko batazokwemera iryo zina ry’uwo mugambwe mushasha.

emailme.gif Rungikira incuti iyi nyandiko
printerfriendly.gif Capa

  Inkuru Nyamukuru
Ibiciro vy'Ibidandazwa mu Burundi

  Andi Makuru
Ikigega cy’Ubwisungane Rwanda Diaspora Mutual Fund
Izina Palipehutu-FNL Rigiye Guhindurwa
Bimwe mu Byabaye mu Rwanda mu Mwaka wa 2008.
Grenade mu Mujyi wa Kigali
CAN y'Abatarengeje Imyaka 20 i Kigali
Rose Kabuye Yabaye Ararekuwe by'Agateganyo
Perezida Kagame ku Vyerekeye Nkunda
Perezida Yoweri Museveni mu Burundi