Umugenduzi mukuru w'ikigega ca Reta Alexandre Nakumuryango
mu kiganiro yahaye abanyamakuru kur'uwu wa kabiri atangaza ko ubushikiranganji
bw'ubutungane budakurikirana bikwiye amadosiye y'abagirizwa kunyuruza amatungo
ya reta.
Mur'ico kiganiro Alexandre Nakumuryango yamenyesheje ko
ubugenduzi bw'ikigega ca reta bumaze gushira ahabona amadosiye ajanye no
kunyonora amatungo ya reta mirongo ine n'umunani ariko abajejwe kuyakurikirana
ngo ntanakimwe bakora. Umugenduzi mukuru wa reta asaba bokwisubirako.
Amadosiye avugwa cane ni indege zaguzwe zitigeze
ziguruka,Interpetrol,ibiharage vyaguriwe abaporisi, imiduga yaguriwe
abasitanteri idakomeye, ikoreshwa ry'indege ry'ishirahamwe Air Burundi...
Mu madosiye yose umugenduzi mukuru ntavuga amafaranga
yanyurujwe ariko ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire rikunda gushikiriza ko
amafaranga yanyurujwe ashika ku miriyaridi ijana na mirongo icenda y'amafaranga
y'amarundi.
Ubugenduzi bukuru iyo bukoze amadosiye buyarungika muri
parake, iyo nayo akaba ariyo iba ijejwe gushengeza abagirizwa mur'ayo madosiye.
Reta yarashinze inzego zijejwe kugwanya ibiturire n'ubusuma ariko amashirahamwe
yigenga avuga ko atanakimwe cahindutse kubera ko mu bisata vyinshi havugwa
ubusuma bw'amafaranga ya reta. Uburundi buri mu bihugu cumi vya mbere
bivugwamwo ibiturire kurusha ibindi kw'isi nk'uko vyemezwa n'abakurikiranira
hafi ico kibazo.