VOANews.com

Kirundi▪ Kinyarwanda Amakuru y'Imvaho

28 Ukwezi kw'Icumi 2009 

Inkuru Igezweko:

Amakuru mu Ndimi Mirongo Ine na Zitanu
Abaserukira Uburundi mu Butariyano no muri Kenya Batawe  mu Mpimba 


28/10/2009

 Abaserukira Uburundi mu Butariyano no muri \Kenya batumweko baca batwagwa mw'ibohero ryo mu Mpimba. Abaporisi bajejwe kugwanya ibiturire kur'uwu wa mbere ku muhingamo  barahagaritse abaserukira Uburundi mu bihugu vya Kenya n'Ubutariyano. Abo baserukira Uburundi mur'ivyo bihugu bibiri baraye mw'ibohero rikuru ry'i Bujumbura, Mpimba. Inkuru zitangwa n'abarongoye ugwego gw’'igiporisi gikurikirana abarya ibiturire n'abasesagura amatungo ya reta batashimye kwivuga izina, basigura ko abo bantu bakurikiranwa  ku kunyonora  no gusesagura amatungo bahawe.

Uwaserukira Uburundi muri Kenya, Salvator Ntacobamaze, ni umunywanyi w'umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.  CNDD-FDD ukigwanya ubutegetsi Salvator Ntacobamaze yari mu bagiraniye ibiganiro na reta y'Uburundi. Umuhari CNDD-FDD utsinze amatora yo mu 2005, Salvator Ntacobamaze yarashinzwe amabanga akomeye. Yabaye umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, yongera ashingwa amabanga yo gukurikirana akazi ka misi yose k'umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza.

Abakurikira ibikorwa vya reta mw'ishirahamwe OAG kur'iryo hagarikwa ry'abo bantu bavuga ko guhagarika abarya ibiturire n'abasesagura amatungo ya reta ari igikorwa ciza ariko bavuga ko ico gikorwa gitanguriye mu baserukira Uburundi hanze mu gihe ngo mu gihugu hari abantu benshi amadosiye yagiye ahabona ariko bakaba batararengutswa imere ya sentare.


E-mail This Article Rungikira incuti iyi nyandiko
Print This Article Capa
  Inkuru Nyamukuru

  Andi Makuru