VOANews.com

Kirundi▪ Kinyarwanda Amakuru y'Imvaho

10 Ukwezi kw'Icumi na Rimwe 2009 

Inkuru Igezweko:

Amakuru mu Ndimi Mirongo Ine na Zitanu
Igikombe c'Isi Yose i Bujumbura


09/11/2009

 Intumwa z'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe urukino rw'umupira w'amaguru FIFA ryarerekanye, kur'uwu wa mbere, ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore i Bujumbura, igikombe c'isi yose kigiye gukinirwa kuva kw'igenekerezo rya cumi na rimwe ukwezi kwa gatandatu ibihumbi bibiri na cumi mu kiringo c'ukwezi mw'ihiganwa mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru.


Abantu benshi bagwiriyemwo abanyeshuri bari bahawe akaruhuko, baritavye ivyo birori, ariko umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza niwe yararekuriwe gukora uri ico gikombe. Intumwa za FIFA zasiguye ko ico gikombe gikorwako n'abakinyi bagitsindiye n'abakuru b'ibihugu gusa. Ico gikombe kimaze guca mu bihugu mirongo itatu na bitanu, kikazoca mu bihugu mirongo umunani na bitandatu imbere y'uko gishika muri Afrika y'Epfo ahazobera ihiganwa mpuzamakungu ku vyerekeye inkino z'umupira w'amaguru 2010, bukaba buzoba bubaye ubwa mbere iryo higanwa ribereye muri Afrika.

Mw'ijambo yashikirije umukuru w'igihugu c'Uburundi, yarakengurutse kubona ico gikombe giciye mu Burundi. Ati vyerekana ko amahoro yagarutse, kandi ko amakungu ashigikiye Uburundi. Perezida Nkurunziza yipfujije ko Abarundi bokora uko bashoboye kwose, kugira ngo mu myaka mirongo ibiri irimimbere igikombe c'isi yose c'umupira w'amaguru kizotahuke mu Burundi. Ico gikombe caciye i Bujumbura kur'uwu wa mbere igenekerezo ry'umunani, ukwezi kw'icumi na rimwe, umwaka wi 2009.

 


E-mail This Article Rungikira incuti iyi nyandiko
Print This Article Capa
  Inkuru Nyamukuru

  Andi Makuru