VOANews.com

Kirundi▪ Kinyarwanda Amakuru y'Imvaho

 
Amakuru mu Ndimi Mirongo Ine na Zitanu
Ubwicanyi mu Ntara Zitandukanye z'Uburundi


22/06/2009

Ubwicanyi burabandanya mu ntara zitandukanye z'Uburundi. Muri komine Butihinda mu ntara ya Muyinga, mu buraruko bw'Uburundi, abana babiri, umwe afise imyaka itatu uwundi ine barishwe mw'ijoro ryo kuw'Imana igenekerezo rya 21 z’uku kwezi, bahitanywe na grenade yacishijwe mw'idirisha ry'inzu. Abajejwe intwaro batanga iyo nkuru, bavuga ko abavyeyi b'abo bana bakomeretse.

Abajejwe umutekano baremeza iyi nkuru, bakavuga ko ubwo bwicanyi bwakozwe mw'ijoro, ariko ngo ababukoze nti baramenyekana. Bavuga ko amatohoza ariko arakorwa kugira ngo ababukoze bamenyekane, n'icabibatumye. Muri komine Gasorwe ihana urubibe na komine Butihinda, mur'iryo joro nyene, abantu batamenyekanye barateye mu miryango myinshi iri hafi y'ikambi y'impunzi z'Abanyamulenge, mu buraruko bw'Uburundi.

Ku wa mbere igenekerezo rya 22 mu gitondo, musitanteri wa komine Matana, mu bumanuko bw'Uburundi, Emmanuel Hagerimana, yabwiye Ijwi rya Amerika ko umuntu yaraye yishwe ku musozi Gasibe. Yararashwe yongera aracumitwa imbugita akatari gake. Abakoze ubwo bwicanyi nti baramenyekana, ariko Musitanteri avuga ko hari abakekwa bafashwe mu kwezi kwa kabiri guheze.

Uwo muntu yishwe yaramaze guterwa mu kwezi kwa kabiri guheze, ariko ararusimba. Musitanteri Emmanul Hagerimana aravuga kandi ko mur'iryo joro nyene imiryango myinshi yatewe igasahurwa. Iyo abo basuma bateye baza bafise ibigwanisho, kandi basaba amafaranga. Kenshi na kenshi, abaterwa ngo baba bagurishije agatungwa, agatoke n’ibindi, kandi ngo ivyo bisuma bitera bifise izo nkuru zose.

Mu ntara ya Bubanza nta ndwi yijana ata bantu bashika batanu bishwe n'amagerenade aterwa acishijwe mu madirisha y'amazu. Izo nkuru zitangazwa mu maraporo ya ligue Iteka, ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, abajejwe intwaro nabo bakavyemeza ku maradiyo. Insiguro z'ubwo bwicanyi, ngo ni ibigwanisho bikiri mu banyagihugu, ubukene, akageso k'abahoze mu migwi yarwana, ingorane z'amatongo, no kutihanganira ivyiyumviro bitandukanye hagati y'abantu badasangiye imigambwe.


E-mail This Article Rungikira incuti iyi nyandiko
Print This Article Capa
  Inkuru Nyamukuru
Abagenzacyaha b'u Bufaransa mu  Rwanda

  Andi Makuru
Mutsindashyaka yahawe igifungo cy'umwaka
Mukezamfura Yahawe Burundu y’Umwihariko
Umunyamakuru wa Rugari Asimbutse Gacaca
IBUKA Yongeye Guca Umubano na Arusha
Umunyamakuru wa Rugari muri Gacaca
Mutsindashyaka Theoneste Yatawe muri Yombi
Ingwara y'Akamangu k'Ingurube Iravugwa mu Burundi
Inama yo Kunagura Uburimyi mu Burundi
Ambasaderi wa Kongo Mushya Mu Rwanda
Amavubi Ntazajya Muri CAN 2010
J. Bosco Gasasira Ntazafungwa
Mu Rwanda, Indege Yagize Impanuka
Ibogozwa ry’Umushikiranganji mu Burundi 
Igikombe cy'isi cyasuye u Rwanda
Igikombe c'Isi Yose i Bujumbura
Munyanganizi Yakatiwe Umwaka w’Igifungo
Igihembo cya Mbere mu Rwanda Cyitiriwe Umunyamakuru