VOANews.com

Kirundi▪ Kinyarwanda Amakuru y'Imvaho

 
Amakuru mu Ndimi Mirongo Ine na Zitanu
Abarundi Barasabwa Kutama Bateze Amaboko  


25/06/2009

Mu buraruko bw'Uburundi, aho uwuserukira igihugu c’Ubudagi i Bujumbura yatemberereye, yasavye Abarundi kutama bateze amaboko. Uwuserukira Ubudagi mu Burundi, amaze imisi itatu agendera intara zo mu buraruko bw'Uburundi aho ishirahamwe ry'Abadagi ''Action Agro Allemande'' rimaze imyaka myinshi rifasha abanyagihugu mu bikorwa vy'iterambere. Joseph Weiz arashima ibimaze kurangungwa ariko akemeza ko ubukene bucugarije abanyagihugu.
 
Mu majambo yashikirije, uwuserukira Ubudagi, Joseph Weiz yasavye abanyagihugu gukura amaboko mu mpunzu bakijukira ibikorwa nti bame bateze amaboko. Abanyagihugu basabwe kandi gukurikiza inyigisho zijanye no kuvyara ku rugero. Mu nsiguro Joseph Weiz yatanze kubijanye n'ubukene avuga ko igwirirana ry'abantu ari intambamyi y'iteramere.
 
Abajejwe intwaro baherekeje Ambasaderi Weiz baremeza ko ingorane nyinshi zituruka ku matongo yaga. Ibice birenga mirongo indwi kw'ijana vy'imanza ziri muri za sentare zerekeye amatongo. Ubukene bw'amazi n'itituka ry'ibidukikije ngo n'izindi ngorane zituma ubukene bwiyongera.
 
Ishirahamwe ry'Abadagi''Action Agro Allemande'' rifasha  abanyagihugu bo mu buraruko bw'Uburundi mu vyerekeye uburimyi, ubworozi, amazi meza, ibidukikije no mu vyerekeye indero, mu kugaburira abana mu mashure matomato.



E-mail This Article Rungikira incuti iyi nyandiko
Print This Article Capa
  Inkuru Nyamukuru
Igikombe cy'isi cyasuye u Rwanda

  Andi Makuru
Igikombe c'Isi Yose i Bujumbura
Munyanganizi Yakatiwe Umwaka w’Igifungo
Igihembo cya Mbere mu Rwanda Cyitiriwe Umunyamakuru
Bikoro Munyanganizi yahawe umwaka w'igifungo mu bujurire
Inama ku Karere k’Ibiyaga Binini  Audio Clip Available
Abanya Pakistani Indwi Barafashwe n’Abaporisi mu Burundi
Imfungwa 8 zo muri Sierra Leone Zageze mu Rwanda
Mu Burundi, Ikiringo co Gusubiza Ibigwanisho ku Gushaka Carangiye 
Abaserukira Uburundi mu Butariyano no muri Kenya Batawe  mu Mpimba 
Urubanza rw’Ikinyamakuru Umuseso n’Umunyemari Rujugiro