VOANews.com

Kirundi▪ Kinyarwanda Amakuru y'Imvaho

 
Amakuru mu Ndimi Mirongo Ine na Zitanu
Abantu Bapfungirwa mu Bitaro mu Burundi  


29/06/2009

Mu Burundi, abantu barabandanya gupfungirwa mu bitaro. Mur’iki gihe, abantu cumi na babiri bari mu mugwi w'Abarundi bita ba ntahonikora, n’ukuvuga abantu bakenye cane, bagiye kumara amezi atatu bapfungiwe mu bitaro vy'i Bururi, m’ubumanuko bw'Uburundi. Nestor Mwamarakiza ajejwe ikigega c’ibitaro vy'i Bururi, avuga ko abo bantu bapfunzwe kubera ko babuze amafaranga yo kuriha kwa muganga, ashika ku miriyoni zitatu mu mafaranga y’Uburundi.
 
Mur'abo bantu, harimwo abatama batatu baciwe amaguru, n'abanyeshure bo mu mashule matomato batanu babazwe, hayuma abavyeyi babo bakabura amafaranga yo kuriha kubera ubukene. Abo bagwayi bakize bakabura uburenganzira bwo gusohoka ibitaro, ngo batahe iwabo, babwiye Ijwi rya Amerika ko bafise ingorane zo gufungura, kubera ko babeshejweho n'abagira neza bataboneka imisi yose. Ivyo abagiraneza babazanira, kenshi na kenshi ngo biba bidakwiye.
 
Uwujejwe ikigega c’ibitaro vyi Bururi avuga ko impapuro zirekana abo bantu ko ari ba ntahonikora, zatanzwe ariko ngo, uko bitegekanijwe, amakomine bavamwo niyo ategerezwa kurihira ba ntahonikora. Mu bitaro vyinshi vy'igihugu haravugwa abantu bavugwa bagakira, ariko bakabandanya bapfungiwe mu bitaro, kubera kubura amafaranga bariha. Rimwe na rimwe reta y’Uburundi, amashirahamwe y'abagiraneza, n'Abarundi bari mu mahanga bahora barihira abantu nk'abo, ariko kubera ubukene bwabaye bwinshi mu gihugu, ibitigiri  vy'abapfungirwa mu bitaro nti bigabanuka.
 


E-mail This Article Rungikira incuti iyi nyandiko
Print This Article Capa
  Inkuru Nyamukuru
Abagenzacyaha b'u Bufaransa mu  Rwanda

  Andi Makuru
Mutsindashyaka yahawe igifungo cy'umwaka
Mukezamfura Yahawe Burundu y’Umwihariko
Umunyamakuru wa Rugari Asimbutse Gacaca
IBUKA Yongeye Guca Umubano na Arusha
Umunyamakuru wa Rugari muri Gacaca
Mutsindashyaka Theoneste Yatawe muri Yombi
Ingwara y'Akamangu k'Ingurube Iravugwa mu Burundi
Inama yo Kunagura Uburimyi mu Burundi
Ambasaderi wa Kongo Mushya Mu Rwanda
Amavubi Ntazajya Muri CAN 2010
J. Bosco Gasasira Ntazafungwa
Mu Rwanda, Indege Yagize Impanuka
Ibogozwa ry’Umushikiranganji mu Burundi 
Igikombe cy'isi cyasuye u Rwanda
Igikombe c'Isi Yose i Bujumbura
Munyanganizi Yakatiwe Umwaka w’Igifungo
Igihembo cya Mbere mu Rwanda Cyitiriwe Umunyamakuru