VOANews.com

Kirundi▪ Kinyarwanda Amakuru y'Imvaho

 
Amakuru mu Ndimi Mirongo Ine na Zitanu
Igorane z’Amazi Meza ku Musaga mu Gisagara ca Bujumbura


29/06/2009

Kuronka amazi meza ku Musaga mu gisagara ca Bujumbura nti vyoroshe. Muri komine Musaga m’ubumanuko bw'igisagra ca Bujumbura, kuronka amazi ni ikibazo kigoye cane. Ku mabomba atanu aha amazi abantu barenga ibihumbi amajana atatu, abiri gusa niyo akora, kandi amazi arashobora kumara indwi zibiri atabonetse.
 
Iyo amazi abonetse, imisunikano iba myinshi. Abantu baba ku Musaga baganiriye na radiyo Ijwi rya Amerika, bavuga ko bashobora kumara amasaha arenga atanu barindiriye amazi. Umusore akora akazi ko mu nzu, Emile Nahimana, yabwiye Ijwi rya Amerika ko uwo musi yavyutse isaha cumi n'imwe yo mu gitondo, ariko ko gushika isaha zine zo mu gitondo yari agitonze, arindiriye ko amazi aza. Umupfasoni Estela Bukuru nawe nyene,yavuga ko amaze amasaha ane arindiriye amazi. Estela Bukuru yiganiye Ijwi rya Amerika ko kenshi na kenshi avoma amazi mabi mu ruzi Muha, akaba ariyo akoresha. Estela Bukuru avuga ko afise ubwoba ko amagara yiwe  n'ay'abana biwe batatu ashobora kubangamirwa.
 
Aho ku Musaga abakozi bo mu nzu batangaza ko akazi kabo katoroshe. Iyo bagiye kurondera amazi, ivyo basize ku mbabura birashika ko bizigira, ababakoresha nabo bakabakarira. Abo bakozi babwiye Ijwi rya Amerika ko basigaye banka kuja gusaba akazi mur'iyo komine ya Musaga, iyo bemeye naho bagasaba amafaranga menshi imiryango idahuta iremera.
 
Ishirahamwe REGIDESO ariryo ryonyene rijejwe gutanga no kugurisha amazi, rivuga ko mu gihe c'ici amazi akunda gukena. Ariko kandi n'abanywanyi b'iryo shirahamwe bavuga ko rikunda kugira ingorane z'ibikoresha. Mu Burundi, ibice birenga mirongo ine na bitanu vy'abanyagihugu nti baronka amazi meza. Uburundi buri mu bihugu bikenya kw'isi, aho amazi yo mw'ibombo ashobora kunyobwa ata kindi kintu na kimwe ashizwe mwo canke ngo arinde gutekwa.


E-mail This Article Rungikira incuti iyi nyandiko
Print This Article Capa
  Inkuru Nyamukuru
Abagenzacyaha b'u Bufaransa mu  Rwanda

  Andi Makuru
Mutsindashyaka yahawe igifungo cy'umwaka
Mukezamfura Yahawe Burundu y’Umwihariko
Umunyamakuru wa Rugari Asimbutse Gacaca
IBUKA Yongeye Guca Umubano na Arusha
Umunyamakuru wa Rugari muri Gacaca
Mutsindashyaka Theoneste Yatawe muri Yombi
Ingwara y'Akamangu k'Ingurube Iravugwa mu Burundi
Inama yo Kunagura Uburimyi mu Burundi
Ambasaderi wa Kongo Mushya Mu Rwanda
Amavubi Ntazajya Muri CAN 2010
J. Bosco Gasasira Ntazafungwa
Mu Rwanda, Indege Yagize Impanuka
Ibogozwa ry’Umushikiranganji mu Burundi 
Igikombe cy'isi cyasuye u Rwanda
Igikombe c'Isi Yose i Bujumbura
Munyanganizi Yakatiwe Umwaka w’Igifungo
Igihembo cya Mbere mu Rwanda Cyitiriwe Umunyamakuru