VOANews.com

Kirundi▪ Kinyarwanda Amakuru y'Imvaho

 
Amakuru mu Ndimi Mirongo Ine na Zitanu
Amakenga y’Ishirahamwe CIVIC ku Matora yo mu 2010 mu Burundi  


30/06/2009

Ishirahamwe CIVIC ryishinze kwigisha abanyagihugu uruhara bafise m'ubuzima bw'igihugu ryateye akamo abarundi bo ku mitumba yo hagati mu gihugu, ngo bazokwitabe amatora yo mu 2010. Iryo shirahamwe ryabasavye kandi kwima amatwi abazoshaka kubashira mu migumuko y’inyuma y'amatora. Iryo shirahamwe ryaratunganije ibikorwa vy'imisi ibiri, i Bujumbura, ibikorwa bizoha akaryo abatwara amakinga, imiduga, n’amapikipiki, hamwe n'abaserukira imigambwe, k’ukungene bashobora guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye amatora.

Mw'ijambo umukuru w’ishirahamwe CIVIC, Therence Nahimana, yashikirije mu kwugurura ibikorwa vy’iryo shirahamwe, yabwiye abatumiwe ko abanyagihugu bategerezwa kwitaba amatora kugira ngo bitorere abategetsi bishimiye, hanyuma baronke intwaro bipfuza. Umukuru w’ishirahamwe  CIVIC yavuze ko vyibonekeza ko inyungu z'abanyeporitike mu matora ari nyinshi, kandi ko ivyabaye inyuma y'amatora mu gihugu ca Kenya bishobora gushika no mu Burundi, mu gihe amashirahamwe y'abanyagihugu atotanga inyigisho zijanye no gushira imbere amahoro n'umutekano.
 
Abatumiwe mur'ivyo bikorwa vy'imisi ibiri bazoronswa inyigisho zerekana akamaro k'amatora, ingene atunganywa, inyifato ibereye ku munyagihugu, intwaro ibereye na demokarasi. Mu mezi atarenga indwi, bitegekanijwe ko abarundi bazokwitaba amatora y’inzego nshasha z'igihugu, harimwo n'amatora y'umukuru w'igihugu. Umwaka umwe imbere y'ayo matora, imigambwe yitwa ko ikomeye, kandi ishobora guhangana mu matora, isa n'iyatanguye gushamiranira. Imigambwe itavuga rumwe na reta yagiriza umugambwe CNDD-FDD uri k'ubutegetsi ko uburabuza ibikorwa vy'iyindi migambwe mu kuyibuza gutunganya inama.


E-mail This Article Rungikira incuti iyi nyandiko
Print This Article Capa
  Inkuru Nyamukuru
Mukezamfura Yahawe Burundu y’Umwihariko

  Andi Makuru
Mutsindashyaka yahawe igifungo cy'umwaka
Umunyamakuru wa Rugari Asimbutse Gacaca
IBUKA Yongeye Guca Umubano na Arusha
Umunyamakuru wa Rugari muri Gacaca
Mutsindashyaka Theoneste Yatawe muri Yombi
Ingwara y'Akamangu k'Ingurube Iravugwa mu Burundi
Inama yo Kunagura Uburimyi mu Burundi
Ambasaderi wa Kongo Mushya Mu Rwanda
Amavubi Ntazajya Muri CAN 2010
J. Bosco Gasasira Ntazafungwa
Mu Rwanda, Indege Yagize Impanuka
Ibogozwa ry’Umushikiranganji mu Burundi 
Igikombe cy'isi cyasuye u Rwanda
Igikombe c'Isi Yose i Bujumbura
Munyanganizi Yakatiwe Umwaka w’Igifungo
Igihembo cya Mbere mu Rwanda Cyitiriwe Umunyamakuru