VOANews.com

Kirundi▪ Kinyarwanda Amakuru y'Imvaho

 
Amakuru mu Ndimi Mirongo Ine na Zitanu
Ejo Bite - Igikorwa co Gutahukana Impunzi mu Burundi


02/09/2009

Inama Nyabutatu yahuje abaserukira Uburundi, Tanzaniya na HCR i Bujumbura, yemeza ko igikorwa co gutahukana impunzi z’abarundi kigenda neza, n’aho abashika ku bihumbi 35 bagifise akangonongono.

Immaculee Nahayo, umushikiranganji ajejwe gutahukana impunzi no gusubiza mu zabo abaziteshejwe, ni we yari arongoye iyo nama. Mugenzi we, icegera c’umushikiranganji wa Tanzaniya ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Khamis Kagasheki, ni ho yari, hamwe n’abaserukira HCR mu Burundi na Tanzaniya Clementine Nketa-Salami na Yacoub El Hilo.
Inama iheruka yari yabereye i Dar Es Salaam muri Tanzaniya, muri Kigarama mu mwaka uheze.

Abitavye iyo nama bavuga ko intambwe ishimishije imaze gushikwako, n’aho abarundi bashika ku bihumbi mirongo itatu na bitanu bo mw’ikambi ya Mtabila, mu ntara ya Kigoma, bataremera gutahuka ku gushaka kwabo. Umutekano si yo mvo nyamukuru.

Mu kiganiro umushikiranganji ajejwe ugushigikirana, ugutahukana impunzi no gusubiza mu zabo abaziteshejwe yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, yasubiye kwemeza ko impungenge zabo zihagaze ku kutamenya ingene bazobaho, mu bijanye n’ubutunzi n’imibano. Immaculee Nahayo amenyesha icese ko ingendo z’abategetsi  bo hejuru hamwe n’impunzi ubwazo zitegekanijwe kugira ngo babahimirize  gutahuka ku gushaka kwabo:

“...Hazojayo ba Bulamatari b’intara ziri ku mipaka, ab’i Burundi bahure na bagenzi babo bo muri Tanzaniya. Na twebwe tuzogendayo ku ruhande rwa reta ya Tanzaniya n’ Uburundi. Hariho kandi n’ingendo z’impunzi baza mu gihugu bakaraba, bakaganira n’abantu bagatembera hose , hanyuma bagasubira mw’ikambi bakavugana n’abasigaye mw’ikambi...”

Ishirahamwe ryitaho impunzi HCR ryemeza ko, muri rusangi, impunzi zimaze gutahukanwa kuva mu 2002 ziva muri Tanzaniya zishika ku bihumbi 497. Mu makambi yo mu myaka ya 72  abashika ku bihumbi 162, nibo barindiriye kuronswa ubwenegihugu bwa Tanzaniya. Ibiharuro bitangwa na HCR vyemeza ko abashika ku 3.568 ari bo bonyene bamaze kuburonswa. Icegera c’umushikiranganji wa Tanzaniya ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Khamisi Kagaseki, ameyesha ko igikorwa kikibandanya .

Ikintu cose kigira intango. Ntituravuga ko akazi kaheze, kandi n’abandi bazoshishikara kuronka ubwenegihugu.Tuzokwitonda, bizosaba ko tuvugana n’abo dukorana nka UNHCR.

Igihugu ca Tanzaniya gisaba umuryango mpuzamakungu uburyo bwababa imiriyoni 54 z’amadolari, akenewe mu gikorwa co gushira mu gihugu abarundi bazoba baronse ubwenegihugu bwaco. Ayo nayo akazokoreshwa mu vyerekeye ukwubaka inyubakwa nshasha, amashure canke ibitaro.

 


E-mail This Article Rungikira incuti iyi nyandiko
Print This Article Capa
  Inkuru Nyamukuru
Tanzania Kigiye Gukura Viza ku Barundi

  Andi Makuru
Muri Gacaca, Ntawangundi Avuga ko Atariwe, Bamwibeshyeho
Abaguzi mu Burundi n’Amategeko Abagenga
Ibibazo by’Ishyaka FDU-Inkingi
Mu Bujurire na Rujugiro, Urukiko Rwemeje ko Abanyamakuru b’Umuseso Batsinzwe
Lt. Gen Kayumba Nyamwasa na FPR -Inkotanyi
Perezida Paul Kagame ku Ihunga rya Gen. Kayumba Nyamwasa  Audio Clip Available
Lt. Gen. Nyamwasa Arashinjwa Guhungabanya Umutekano
Ihunga rya Lt. Gen. Kayumba Nyamwasa
Dr. ZirimwabagaboYakatiwe Burundu
Ikarata yo Gutora ku Barundi Baba mu Mahanga  Audio Clip Available