Ibiharuro bishasha ku bushomeri muri Amerika vyasohotse, ku musi wa gatanu w’indwi iheze, vyerekanye kw’urugero rw’ubushomeri ruriko ruragabanuka muri Amerika.

Ivyo bibonwa kw’ari ibintu bishobora gufasha prezida Barack Obama gusubira gutorwa mu mabanga y’ukuyobora Amerika.

Yamara ibitigiri vy’abatagira akazi biracari hejuru cane. Igihambaye, yamara, n’ukugene ibintu bibandanya bitera imbere. Mu gihe urugero rw’ubushomeri rutera rugabanuka, bituma abantu bagira icizere muribo, bakumva kw’intumbero ari nziza.

Raporo nshansha ku bushomeri

download iconDownload: MP3

Right click (Control click for Mac) and choose Save Link/Target As