Uguhomba
kw'amabanki akomeye kw'isi kugiye gutuma imfashanyo Uburundi buronka
zigabanuka. Alain Niyubahwe umuhinga mu vy'ubutunzi akaba n’umushakashatsi
w'ikigo kijejwe iterambere mu Burundi IDEC, atanganza ko imfashanyo Uburundi
busanzwe buhabwa zigiye kugabanuka cane, bivuye k'uguhomba kw'amabanki
akomakomeye yo muri Reta Nzunze Ubumwe za Amerika n'i Buraya.
Umushakashatsi
Alain Niyubahwe yabwiye ijwi rya Amerika ko ibihugu bifasha Uburundi bigiye
kugira ingorane z'ubutunzi zizotuma bigabanya amafaranga vyafashisha ibihugu
bikenye. Amashirahamwe n'abagwizatunga bahora bazana imitahe yabo nabo nyene
ngo bagiye kugabanuka kubera ko batakironka ingurane zikwiye.
Ubutunzi
bw’ibihugu bikenye bugiye kumererwa nabi. Abategetsi b’ivyo bihugu ngo nta
kintu kinini bashobora guhindura, ariko igikuru ngo n’uko bohakura icigwa c'uko
ukudatwara neza, ukudatunganya ibikorwa neza cane cane mu mabanki bituma
ubutunzi busubira inyuma.
Umushakashatsi
wa IDEC asigura kandi ko amabanki makuru yo mu bihugu bikenye agiye kugira
ingorane, kubera ko atamenya neza ingene amafaranga y'agaciro ahinduka ku musi
ku musi. Ibice mirongo itanu na kimwe vy’amafaranga reta y'Uburundi ikoresha biva
hanze.

