Ubushikiranganji
bujejwe urwaruka n’inkino mu Burundi buherutse kuronka imfashanyo buhawe
n’ishirahamwe Peace and Sports ry'i Monaco mu gihugu c’Ubufaransa. Iryo
shirahamwe ryashikirije ubushikiranganji bujejwe urwaruka n'inkino, imfashanyo
y'amafaranga ibihumbi amajana atatu na mirongo itanu y'abanyaburaya, ni ukuvuga
imiriyoni hafi amajana ane y'amarundi.
Iyo
mfashanyo igenewe kunagura ibigo vy'urwaruka biri mu ntara zo mu gihugu.
Ivyo bigo bijejwe kwigisha urwaruka utugenegene, inkino n'imico kama.
Umushikiranganji Jean Jacques Nyenimigabo yakiriye iyo mfashanyo yatangaje ko
ivyo bigo vyari bifise ingorane zikomeye z'uburyo, ati rero iyo mfashanyo ije
hageze.
Ukwo
gufashanya hagati y'ubushikiranganji bw'inkino n'ishirahamwe Peace and Sports
ry'i Monaco ngo kugiye kuzobandanya gushika mu mwaka w'i 2013. Ubushikiranganji
bujejwe urwaruka n'inkino bumaze kwunga ubucuti n'amashirahamwe menshi y'i
Buraya. Mu kwezi kw'icumi na kabiri, Uburundi butegekanya gutunganya ihiganwa
ryo kunonora imitsi, aho n'Abanyaburaya bazotumirwa iruhande y'abanora imitsi
bo mu karere k'ibiyaga binini.

