Abanyamerika
baraye bagiye mu matora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora adasanzwe muri kahise
ka Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yahiganwamwo na Senateri Barack Obama
yaserukira umugambwe uharanira demokarasi, na Senateri John McCain yaserukira
umugambwe uharanira republika.
Ibibanza
vy’amatora mu gihugu cose vyatangaje ko ayo matora yitabwe n’abantu isinzi.
Hari abavuga ko Senateri Obama vyamworoheye gutsinda kubera abanyamerika benshi batashimishijwe n’ivyo
prezida Bush yaranguye, hakiyongerako n’itituka ry’ubutunzi. Ivyo vyose nti
bibuza ko ayo matora azokwibukwa muri kahise ka reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Senateri
Barack Obama abaye umunyamerika w’umwirabure wambere atahukanye intsinzi mu
matora y’umukuru w’igihugu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Agiye kurongora
Amerika mu kiringo c’imyaka Ine.

